Contacts
Info
Iyi Podcast ifise intumbero yo guhimiriza abantu ngo bakerebuke, bazingurure amaboko biteze imbere. Iratanga udu tips na tricks ingene umuntu abigenza.
7 DEC 2023 · Iyi shiny object syndrom ni ingorane iza iyo umuntu aguma asamazwa n'ikintu cose gishasha kije agaca ata ico yariko arakaora. Bigatuma adaheza ivyo yatanguye kandi ntashike ku ntumbero yihaye.
28 NOV 2023 · Ntube umurorerezi mw'iterambere, ba umukinyi kubera ivyo gukora ntibibuze!
21 NOV 2023 · Nimba ufise indoto zo kwokorera ariko ukaba ukorera uwundi muntu, hariho ibintu utegerezwa kwitegurira.
14 NOV 2023 · Iyi episode yerekeye ibimenyetso 5 vyerekana ko hageze ko umuntu agabanya umwanya akoresha kuri telefone yiwe canke ibindi biyo. Navyo ni nkibi: kudasinzira neza, kumeneka umutwe, amaso atukura....!
1 NOV 2023 · Umutekano wawe kuri internet urahambaye. Abahacker bakwivye birashobora kukugiranko ingaruka mbi. Muriyi episode, harimwo ivyo ukwiye gukora bijannye na information pesonnelle zawe, password, phishing., VPN...
24 OCT 2023 · Hari abantu bibaza ko umukirisu agize business aba yitayeho ivyo kwisi gusumba ivyo mw'ijuru.
Ariko sivyo, ikibi si amahera, ingorane iba iyo uyagize umwami wawe, akagutwara umutima ukayarutisha ibindi bintu vyose. Kubera turakeneye amahera yo kubaho ngaha kwisi umwanya tutarahj́a mw'ijuru.
17 OCT 2023 · Ingorane ya analysis paralysis canke kunanirwa gufata ingingo, umuntu aba ayifise iyo akoresha inguvu n'umwanya urenze ariko ararondera amakuru ajanye n'umgambi wiwe. Mu nyuma bikamunanira kwidecida , umwanya ukamuherana ataco akoze (indecision/inaction).
10 OCT 2023 · Impostor syndrom ni gutinya ko abantu bakwita umuswaganyi, ni gutinya gukora imigambi kubera utinya ko abantu bazohava bakwita umubeshi, ngo ivyo ukora ntavyuzi.
Ubwo bwoba twobugwanya gute?
3 OCT 2023 · Internet yarahinduye ubuzima bwacu, woba uzi ingene ikora?
26 SEP 2023 · Side hustle ariyo ntegabizoza irakenewe cane, iyo umuntu arwaye canke hagatera ikiza aca yiokora ku kantu ko ku ruhande. Kandi gatuma umuntu yitegurira pension neza.
Iyi Podcast ifise intumbero yo guhimiriza abantu ngo bakerebuke, bazingurure amaboko biteze imbere. Iratanga udu tips na tricks ingene umuntu abigenza.
Information
Author | William Guillaume Muringa |
Organization | William Guillaume Muringa |
Categories | Entrepreneurship |
Website | - |
wilgiyomur@gmail.com |
Copyright 2024 - Spreaker Inc. an iHeartMedia Company